Ubushinwa bwemereye inkunga u Burundi

Ahavuye isanamu, BBC

Insiguro y'isanamu, Icegera c'umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Li Yuanchao yakiriwe n'icegera c'umukuru w'igihugu c'Uburundi Gaston Sindimwo

Visi perezida w'Ubushinwa , Li Yuanchao, uri mu rugendo mu Burundi yabanonanye n'abayobozi b'icyo gihugu barimo Perezida Petero Nkurunziza.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru nyuma y'umubonano na Perezida Nkurunziza, Bwana Li Yuanchao, yatangaje ko igihugu cye cyemereye u Burundi inkunga yo mu rwego rw'ingengo y'imari

U Burundi buzishyura iyo nguzanyo budatanze inyungu.

Ubushinwa kandi bwemeye gutera inkunga u Burundi mu rwego rw'ubuhinzi, ubworozi n'uburezi.

Ugufashanya hagati y'uburundi n' ubushinwa kwatanguye kuva mu 1963.

Insiguro y'isanamu, Icegera c'umukuru w'igihugu w'Uburundi Gaston Sindimwo aha akaganuke Bwana Yuanchao