Itohoza kw'ihohoterwa ry'abana bashurashujwe mu Bwongereza
Mu Bwongereza itohoza ryari ririndiriwe cane ku bikorwa vyo guhohotera abana mu kubashurashuza ku nguvu, ryatanguye kwumviriza ivyabona nyuma y'imyaka 3.
Ukutumvikana ku kuntu iryo tohoza ryariko riratunganywa, kwatumye abantu batatu barikuriye batanga imihoho.
Amwe mu mahano iryo tohoza ryiteze kwihweza mu myaka itanu iri imbere yerekeye ba rurangiranwa hamwe n'abanyepolitike.
Ivyabona vya mbere vyumvirijwe ni abana b'Abongereza bava mu ngo zikenye, barungitswe mu bigo bibarera muri Australia na New Zealand, kenshi abavyeyi babo batabizi.
Bamwe muri abo bana barakubaguwe, bafatwa ku nguvu banashirwa mu buretwa.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}