Imyiyerekano yo kugwanya igiturire muri Kenya
Abantu amajana n’amajana bahuriye mu myiyerekano mu kibanza ca Freedom Corner ku kibuga ca Uhuru Park, I Nairobi biyamiriza ikwiyongera kw’igiturire.
Iyo myiyerekano ibaye inyuma y’imisi mike ikimenyeshamakuru kimwe gisohoye inkuru zivuga ko amahera angana na miliyoni 50 z’amadolali zigenewe igisata c’amagara y’abantu yibwe ayandi akoreshwa nabi.
Reta gushika ubu iguma ibihakana.
Abateguye iyo myiyerekano basaba prezida Uhuru Kenyatta gufatira ingingo ruhasha abanyuruza itunga rya reta canke atabishoboye na ho, atange imihoho.
Igipolisi cakoresheje ivyuka vyokera n’amazi mu gushwiragiza abaje muri iyo myiyerekano.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}