Sarkozy yatangaje ko azitoza kandi kuba Prezida
Ahavuye isanamu, AFP
Uwahoze ari prezida w’Ubufaransa, Nicolas Sarkozy, yamenyesheje ko azosubira kwitoza kandi muri ayo mabanga.
Prezida Sarkozy yatsinzwe mu matora n’umukuru w’igihugu ahari ubu Francois Hollande my matora yabaye haraheze imyaka ine.
Ico gihe, yari yavuze ko ahagaritse ibikorwa vya politike, ariko inyuma y’imyaka ibiri yaciye asubira gukora politike.
Sarkozy n’umwe muri benshi bashaka kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains, harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Francois Fillon n’umushikiranganji w’imigenderanire Alain Juppe.
Ahavuye isanamu, REUTERS
Sarkozy yagirizwa igiturire, aho yanagerageje gukoresh iyo nzira mu gushiraho umushikirizamanza wa sentare nkuru, kugira amufashe gusimba amatohoza amwerekeye.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka