Intambara zirashushe mu gisagara ca Alep
Ahavuye isanamu, Reuters
Hari inkuru ziva muri Syria hari intambara ikomeye kw'ibarabara rimwe rukumbi rihuza akarere ka Alep kigaruriwe n'abarwanyi hamwe n'iyindi mihingo.
Abasirikare ba reta bafashijwe n'ibitero vyo mu kirere, bavugako bigije ibirindiro vyabo ku kilometero kimwe uvuye kuco bise Castello road.
Umwe mu bakuru b'abagwanyi yavuze ko ubu hadahita.
Ariko bariko barakora uko bashoboye ngo basubize abasirikare inyuka.
Mu gihe iryo barabara abagwanya reta n'ibigwanisho bahora bakoresha ryoguma ryugaye, reta ishobora kuba iteye intambwe igaragara mu kwigarurira akarere ka Alep.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}