Uganda: Ikinyamakuru canditse ku Rwanda cahagaritswe
Igipolisi ca Uganda cugaye ikinyamakuru gikunze gushikiriza udukuru dusosa, Red Pepper, gifunga na bamwe mu bakozi baco.
Abayobozi batanu b'ico kinyamakuru hamwe n'abarongoye ibisata bitandukanye vyaco bafunzwe.
Ivyo vyatewe n'inkuru y'ico kinyamakuru ivuga ko abarongoye igihugu ca Uganda boba bipfuza gutembagaza leta y'u Rwanda.
Ubutegetsi bwa Uganda bwahakanye ivy'uwo mugambi.
Ikinyamakuru Red Pepper kiramaze kuja mu majwi ku nkuru zitera impari muri kahise.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}