Maverick Rodrigo Duterte yatsinze amatora
Ahavuye isanamu, Reuters
Umuvugizi w'uwo mukandida atabonwa kumwe na bose, yavuze ko azotunganya neza umugambi yemereye abanyagihugu wo kurwanya inkozi z'ikibi n'abanywa ibiyovyabwenge.
Ivyo nivyo bibazo Rodrigo Duterte yashingiyeko cane cane mu gihe co kwiyamamaza.
Ibindi ariko arihweza n'abijanye no guhindura ibwirizwa nshingiro, harimwo gutunganya inzego zishingiye ku nama nshingamateka.
Abakeba biwe babiri baramaze kwemera ko barushijwe kandi bwana Duterte yahimbaje intsinzi yiwe mu kuja ku ruhafu rw'abavyeyi biwe.
Ahageze yadutse ararira imbere y'abariko bafata amasanamu ya tereviziyo.
Rodrigo Duterte azoba abaye umukuru w'igihugu wa Philippines akomotse mu bumanuko mw'izinga rya Mindanao, harwiriye abakene.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}