Isanganya rya Camp Base i Bujumbura: Ubwoba bwo kubana n'ahabikwa ibigwanisho

Ahavuye isanamu, Google Maps

Insiguro y'isanamu, Hagati mw'isanamu akarere gakikujwe n'amazu menshi ni agace k'amakambi ya gisirikare muri Musaga mu bumanuko bwa bujumbura
    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Ivyabaye i Bujumbura vyibukije ibisa nk'ivyo vyabaye ku murwa mukuru wa Congo, Brazzaville, mu 2012.

Ububiko bw'ibigwanisho hagati muri ico gisagara bwaragize isanganya bwadukamwo umuriro, ibigwanisho biraturika, hapfa abantu barenga amajana abiri, abandi ibihumbi barakomereka.

Impanuka isa n'iyo i Bujumbura yarashitse mu ijoro ryo kuwa kabiri. Umvugizi w'igisirikare c'Uburundi yavuze ko hapfuye abantu 13 na 57 bakomeretse harimwo abasirikare batatu.

Ni vyo, igitigiri catangajwe i Bujumbura ntaho gihuriye n'ica Brazaville, ariko naho nyene, ku bantu bumvise ububuremere bw'ivyariko biraturika mu kiringo c'amasaha arenga abiri, bakabona umwotsi n'imbeya z'umuriro vyatwaje mu kirere n'abari ku birometero birenga bitanu bakabibona, barashobora kugira amakenga kuri ivyo bitigiri.

Na cane cane ko hari ayandi masoko atandukanye avuga ibindi birenga kure cane y'ivyo. Ivyononekaye vyo itangazo ryashikirijwe icese ntirivuga uko uko bingana. Ariko amazu n'amamodoka ni menshi.

Amakambi ya gisirikare n'ibigwanisho hagati y'ama karitiye y'abantu

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Isanganya ryashitse ku wa kabiri mw'ijoro ryasize benshi mu gisagara bibaza kuri kazoza mu gihe babana n'ikambi nyinshi za gisirikare

Camp Base isanzwe yarimwo ububiko bunini bw'ibigwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare vy'ingabo z'Uburundi. Ariko ntibwari ububiko gusa kuko habayo n'abasirikare. Hariyo n'aho imiduga ya gisirikare yanywesha ibitoro.

Uretse ivyo, na cane cane, ni ikambi ikikijwe n'amakaritiye abamwo abanyagihugu basanzwe.

Uvuye kw'irembo rya Base mu buseruko bwayo, nta metero amajana ugira utarashika muri karitiye ya Musaga n'igice gishasha ca Kinanira.

Ibohero rikuru rya Mpimba ryo hagati yaryo na Base hacamwo akabarabara kamwe gusa n'ikibanza gitoyi kirimwo imirima yaryo.

Iryo bohero risumba karitiye zimwe zimwe ufatiye ku bwinshi bw'abantu bahafungiwe. Ryarigeze kuba rirenza abantu 8.000.

Mu burengero, Camp Base ihana urubibe na karitiye ya Kinanira.

Mu buraruko, Camp Base ifatanye n'ishure rikuru rya gisirikare.

Impande no munsi y'iryo shure ni amakaritiye abantu babamwo. Hariho n'ibitaro bishasha vy'abagigenga.

Urukurikirane rw'amakambi kera yari hanze y'igisagara

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Camp Base, iri mu rukurirane rw'amakambi ya gisirikare ari muri iyo zone ya Musaga.

Uhereye mu buseruko hari Camp Muha. Uvuye kuri iyo nta n'ikilometero ugenda kugira ushikire ishure ryisumbuye rya gisirikare - naryo nyene ni nk'ikambi mu zindi - risanzwe rihana urubibe na Camp Base.

Hirya yayo uraba mu bumanuko hari iyahora izwi nka Camp Para ubu yimuwe ariko ikibanza yahoramwo kirangurirwamwo iyindi mirimo ya gisirikare nyene, iyo nayo ikaba ifatanye n'iyizwi nka Camp Blinde.

Izo kambi zicubakwa, igisagara ca Bujumbura nticari bwashike muri ico gice co mu bumanuko. Amakaritiye y'abanyagihugu ahari ubu, yubatswe mu nyuma.

Kandi n'ibibanza bigaragara kare vyari vyarasizwe hagati y'ayo n'amakaritiye abantu babamwo, uko imyaka ihera niko vyagiye birubakwa, amaherezo ayo makambi asigaye yegeranye cane n'ingo z'abanyagihugu.

Uretse n'ivyo, ibigwanisho - birimwo ibisasu bikomeye canke mbere n'amabombe – iyo bituritse umuvuduko wavyo ushika kure.

Ahavuye isanamu, Google Maps

Insiguro y'isanamu, Umurongo utukura kw'ikarata y'igisagara ca Bujumbura urerekana agace ubu karimwo amakambi y'igisirikare kera kahoze kari hanze y'igisagara

Umuturiko wavyo nawo urahuha umuyaga ukawuha umuvuduko n'inguvu zishobora kujegeza zikamena ibintu nk'amadirisha, kurandura amabati canke insenge vy'amazu.

Nivyo vyashikiye amazu atari make.

Mu bamaze kumenyekana ko bapfuye harimwo uwo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Bujumbura, ku birometero birenga bitanu uvuye aho ivyo bisasu vyaturikiye.

Mu makaritiye ahegereye naho, hari insenge z'inzu zakorotse canke ibiyo vy'amadirisha vyamenetse kandi hamwe hamwe ata kintu babona cabiguyeko.

Bituma kwibaza niba harabaye kujanisha ukwaguka kw'igisagara n'ukumenya ahakwiye kuba ibigo vya gisirikare -na cane cane birimwo ububiko bunini bw'ibigwanisho - ku buryo ata kaga vyotera mu banyagihugu biramutse bigize isanganya nk'iryo ryabaye muri Camp Base i Bujumbura.