Ifoto nziza z'indwi muri Afrika: Kuva kw'itariki 8-14 z'ukwezi kwa cumi 2021

Amafoto meza meza yo ku mugabane wa Afrika no mu yindi mihingo.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunye Kenya Diana Kipyogei yambitswe urugori inyuma yo gutsinda ihiganwa ryo kwiruka ibirometero vyinshi i Boston ku musi wa mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Aarchibishop Desmond Tutu, yakwije imyaka 90 mu ndwi iheze, yasubiwemwo kuri uyu wa gatanu i Cape Town, inyuma yo kwononwa n'abitwaza amacakubiri y'urukoba

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uyu murorerezi yarerekanye aho ahagaze ku mugaragaro mu rukino rwo guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi, rwariko rurahuza umugwi w'umupira w'amaguru wa Afrika y'Epfo na Ethiopia, aho Bafana Bafana yatsinze 1-0.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iki gicapo kiri ku muryango wa Foumban Royal Palace mu burengero bwa Cameroun...

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa mbere Mfonrifum Nabil Mbombo Njoya w'imyaka 28, yarimitswe na Sultan mushasha wa Bamoun.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarorerezi bariko bararaba Rally mu karere ka Merzoga muri Maroc ku musi wa Mungu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abaharanira agateka ka zina muntu bari baje ari benshi ku musi wa kabri kwumviriza urubanza muri sentare nkuru ya Botswana, aho reta iriko irarondera isubirwamwo ry'urubanza rwemeje ukwisanzura kw'abakundana basangiye igitsina.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa Mungu, inyuma y'imisi 40 habaye ubwicanyi mw'isengero ry'i Chena Teklehaymanot, mu ntara ya Amhara muri Ethiopia, ibintu vy'abantu bahasize ubuzima biracamanitse kw'idirisha. Abategetsi ba Amhara bavuga ko bwakozwe n'ingabo za Tigray, ivyo zo zihakana.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubusho bw'inzovu buriko buragenda mu ruhongore kama rwa Amboseli muri Kenya, ahaheruka kuvuka inzovu nyinshi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bagwanira mu mazi ba Somalia bariko barakizura mu mazi yo ku nkengera ku musi wa gatatu, bivuye ku rubanza rwaciwe ku rubibe bahana na Kenya mu mazi Somalia yatahukanyemwo intsinzi,

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inyoni ziriko ziraguruka mu kirere mu gihe kajugujugu y'igipolisi muri Libya na yo yari mu kirere ku mugwa mukuru i Tripoli ku musi wa gatandatu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku musi ukurikira muri Afrika y'Epfo, abantu bitabiriye ibirori vy'umusi wahariwe One Sky One World International Kite Fly

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Hanyuma ku musi wa kane, muri Mauritani, umugabo umwe yariko aroza ikibwana c'imbwa kimaze ukwezi mw'ibahari ya Indiana.

All pictures subject to copyright.