Prezida wa Misri Al-Sissi yarahiye imbere y'inama nshingamateka

Prezida wa Misri Al-Sissi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida wa Misri Al-Sissi yarahiye imbere y'inama nshingamateka

Ivyo birori bidasanzwe vyerekanywe ikibiriraho ku mboneshakure y'igihugu.

Mu gihe hariko haraba ivyo birori vya muzinga vyarashe mu kirere incuro 21 nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Indege z'intambara zacafye mu kirere idarap rya Misri, i Caire ku mugwa mukuru.

Za kajugujugu na zo nyene zabonetse mu kirere mu gatondo, mu gihe prezida Al-Sissi yariko aragana mu nama nshingamateka.

Amatora yabaye kuva itariki 26 gushika ku 28 z'ukwezi kwa gatatu.

Indege z'intambara zacafye mu kirere idarap rya Misri, i Caire ku mugwa mukuru.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Indege z'intambara zacafye mu kirere idarap rya Misri, i Caire ku mugwa mukuru.

Prezida Al-Sissi yari yatowe ubwa afmbre mu mwka wa 2014.

Al-Sissi yari umukuru w'ibiro bikuru vy'intwaramiheto, akaba yari yakuye ku butegetsi uwo yasubire, Mohamed Morsi umwaka umwe imbere y'aho.