Prezida wa Afuganistani yoba yemeye ibiganiro n'abatalibani
Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida w'igihugu ca Afuganistani, Ashraf Ghani yemeye ko ashobora kugirana ibiganiro vy'amahoro n'umugwi w'abatalibani.
Mu nama y'ibihugu 25 n'amashirahamwe ari muco bise "Kabul Process", Bwana Ghani yasavye ko ingwano yohagarikwa, abapfunzwe bakarekugwa.
Yavuze ko ashobora kwemera ko umugwi w'abatalibani wemegwa n'amategeko kandi ukaba uwa politike, mu mugambi wo kurondera kurangiza indyane zimaze imyaka irenga 16 muri Afuganistani.
Bwana Ghani avuga ko yiteguye kwemera kw'ibwirizwa shingiro risubirwamwo.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}