OMS yahagurukiye Ebola muri RD Congo
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe OMS rimenyesha ko hari abahinga barungitswe mu turere two hagati mu gihugu ca Congo Kinshasa, ahavugwa abantu 11 banduye igwara ya Ebola.
Mu bantu cumi n'umwe banduye, harimwo batatu bamaze kwitaba Imana.
OMS iriko irakora mu nzira yo kumenya uburemere bw'ico kiza, kuvura abamaze kwandura uwo mugera hamwe rero no gukwirikira uwo wese yoba yarabonanye n'abo bagwaye.
Iki kiza kibaye ikigira munani kuva iyo ngwara ya Ebola ibonetse ubwa mbere muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}