Ingwe muri parike yo mu Bushinwa zishe umukerarugendo
Ingwe muri parike iri mu muji wa Beijing mu Bushinwa zishe umugore w'umukerarugendo zikomeretsa uwundi igihe bava mu muduga bariko barashwana.
Abagendera parike ya Beijing Badaling Wildlife basanzwe babujijwe kuva mu miduga yabo igihe bariko bariyunguruza muri iyo parike.
Umwe muri abo bagore yavuye mu muduga, ubwo nyene ingwe ica imusimbirako, iramutabagura ica iramutwara.
Uwo bari kumwe yagerageje kumutabara aca ategwa n'iyindi ngwe.
Mu ntango z'uno mwaka umuyobozi w'iyo parike yahonyanzwe n'inzovu iramwica.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}