Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Israel na Liban kongerejwe indwi zitatu

Donald Trump yatangaje ko agahenge hagati ya Israel na Liban kongerejwe amayinga atatu, Amerika ikazofasha Liban kwikingira Hezbollah no gushigikira ibiganiro vy’amahoro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Umukuru mushya wa MONUSCO yageze i Goma kuganira n’abakuru ba M23

    Umukuru mushya wa MONUSCO uyu munsi yageze mu mujyi wa Goma ugenzurwa na M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu rugendo arimo mu burasirazuba bwa DR Congo.

    Umunyamerika James Swan mu bimujyanye i Goma harimo ibijyanye no kubahiriza agahenge hagati ya leta n’uruhande rwa AFC/M23 rumaze igihe kirenga umwaka rugenzura uwo mujyi.

    MONUSCO yashyizwe mu itsinda ry’ubugenzuzi bwagutse bugomba gutangira kureba uko guhagarika imirwano byubahirizwa.

    Biteganyijwe ko i Goma Swan ahura n’abakuriye umutwe wa AFC/M23 mu gihe muri iyi minsi havugwa guhonyora amasezerano y’agahenge no guhagarika imirwano.

    Swan ageze i Goma nyuma yo gusura imijyi ya Bunia mu ntara ya Ituri hamwe na Beni muri Kivu ya Ruguru.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Abategetsi ba Iran barungitse ubutumwa bugamije kwerekana ubumwe basubiza Trump

    Prezida Trump akoresha imbuga ngurukanabumenyi ku bategetsi bashasha ba Irani, yavuze ko "bari mu kajagari" kandi ko "bacitsemwo ibice cane".

    I Tehran, inyuma y'isaha zitandatu z'ijoro, ubutumwa bwarungitswe ku mihora yose ya telefone ngendanwa ya Iran ku bantu bose biyandikishije.

    Bwiswe "ubutumwa rusangi " bw'umukuru w'igihugu, umukuru w'inama nshingamateka, umukuru w'ubutungane hamwe n'abandi bategetsi bo ku rwego rwo hejuru, mu kwishura ku migambi ya Trump yo “kubiba amacakubiri”.

    Ubutumwa bwagira buti: “Nta bintu vy’abakomakomeye canke aboroherwa muri Irani. Twese turi Abanya iran kandi turi abavugizi b’impinduka… igihugu kimwe, inzira imwe.”

    Mu ndwi iheze, hari ibimenyetso bimwe vy’ukutumvikana ku bibazo bito vy’imigambi vyabonetse mu binyamakuru vya Irani bifitaniye isano n’inzego zitandukanye, harimwo n'ishami rya gisirikare rya Islamic Revolutionary Guard Corps.

    Twahuye kandi n’abashigikiye n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Irani.

    Ubu butumwa bwari bugamije kwerekana ko ku rwego rwo hejuru, ku ngingo zikomeye zigira ico zivuze mu biganiro na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari ukwumvikana.

    Ni ivyemezwa n’abakurikirana ibijanye na Iran benshi ku bijanye n’iyo sisiteme yavutse mu ndwi z’intambara inyuma y’iyicwa ry’abategetsi bakuru b’abanyedini n’abasirikare.

    Ubu hari abafata ingingo benshi. Bamwe babonwa nk’abanyabwenge kandi boroherwa, abandi nk’abakomakomeye.

    Ariko imirongo itukura yabo ku bibazo kuva ku mugambi w'ibigwanisho ruhonyanganda gushika mu muhora wa Hormuz iratomoye.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Burundi: CNDD-FDD yatanguje amasengesho yo ‘kwirimbura no kwitura Imana’

    I Gitega ku murwa mukuru w’Uburundi hatangujwe amasengesho y’imisi itatu y’umugambwe uri ku butegetsi uvuga ko ari ayo ‘kwirimbura no kwitura Imana’.

    Bitegekanijwe ko inyuma y’aya masengesho hashobora kumenyekana umuntu uyu mugambwe uzogena nk’umukandida wawo mu kibanza c'umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe umwaka uza.

    Perezida Evariste Ndayishimiye witavye aya masengesho mpuzamadini – biritezwe ko ashobora kuba ari we agenwa. Vyotungurana igihe uwo mugambwe wohitamwo uwundi.

    Ndayishimiye yatorewe ikiringo ca mbere mu matora yabaye mu gihe ca Covid-19 muri Rusama(5) 2020, uwari Prezida Petero Nkurunziza na we apfa giturumbuka igenekerezo rya 8 Ruheshi(6) uwo mwaka.

    Kubera ko Ndayishimiye yari yamaze gutsinda amatora yaciye arahirira ikiringo ciwe ca mbere igenekerezo 18 Ruheshi 2020.

    Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryo mu 2018 ritegekanya ko umukuru w’igihugu atorerwa ikiringo c’imyaka indwi kandi ko “ntawushobora kurongora igihugu mu biringo birenga bibiri bikurikirana”.

  4. Umuhanzi uyobora itsinda rya punk utabona neza agiye kwitabira isiganwa rya London Marathon

    Umuhanzi uyobora itsinda rya punk utabona neza agiye kwitabira isiganwa rya London Marathon agamije gukusanya inkunga yo gufasha umuryango wo mu Bwongereza uharanira gufasha abafite ubumuga bwo kutabona.

    Phil Harrison w’imyaka 69, utuye i Paignton muri Devon, aziruka iri siganwa ari kumwe n’umuyobora mu kwiruka kwe, Dr Julia Tysoe. Harrison yavuze ko yatakaje ubushobozi bwo kubona mu jisho rye ry’ibumoso bitewe n’imvune yagize akiri ingimbi mu marushanwa ‘umukino wa “rounders” wari ukomeye.

    Nyuma yaho, yaje no gutakaza ubushobozi bwo kubona mu jisho rye ry’iburyo nyuma yo gusangwamo kanseri afite imyaka 60.

    Yagize ati: “Numva meze neza, nakoze imyitozo ihagije. Numva ari amahirwe akomeye kuba ndi mu kintu cyiza kandi gitanga icyizere, ndetse ndabyiteguye cyane.”

    Harrison yagereranyije uko abona ibintu n’igikoresho cya kaleidoscope, avuga ko “bimeze nko kureba mu ndorerwamo imenetsemo uduce twinshi.”

    Yavuze ko mbere yirukaga wenyine, ariko yaje kugenda agwa kenshi ubwo ubumuga bwe bwo kutabona bwari bumaze gukomera cyane.

    Yagize ati: “Byangizeho ingaruka ku cyizere nigiriraga.”

    Nyuma yaje kuvugana n’umuntu umuyobora mu kwiruka, amufasha kongera kwiyizera.

    Harrison arimo gukusanya inkunga igenewe umuryango wo mu Bwongereza witwa Royal National Institute of Blind People.

    Dr Julia Tysoe yavuze ko iri siganwa rizaba “rifite igihembo gikomeye mu mutima.”

    Tysoe,uyobora Harrison mu kwiruka, yavuze ko ari “icyubahiro n’ibyishimo” kwitabira iri siganwa.

    Yagize ati: “Bizaba bifite agaciro gakomeye cyane, narishimye cyane ubwo yabinsabaga .Ntekereza ko imbogamizi ikomeye muri iyi London Marathon izaba ari ugukomeza kwibanda ku rugendo rwose.Twamaze kwirukana hamwe amasiganwa abiri ya half marathon.Ndizera ko twamaze kumenyera intera ndetse n’imbaraga zo kuyirangiza zihari.”

    Izindi nkuru wasoma :

  5. Umusirikare wa America yaciriwe urubanza inyuma yo gukina akamari kw'ifatwa rya Maduro

    Umusirikare w’ingabo zidasanzwe za Amerika yaraciriwe urubanza inyuma y’aho akoresheje amakuru y’ibanga kugira ngo aronke amadolari arenga 400.000, inyuma yo gukina akamari ku gukurwa ku butegetsi kwa Nicolás Maduro.

    Gannon Ken Van Dyke, umusirikare akiri mu kazi akorera muri Leta ya Carolina ya ruguru, yagirizwa ko yakoresheje amakuru y’ibanga yari afise mu migambi y’igikorwa ca gisirikare cabaye muri Nzero (ukwa 1)co gufata Maduro. Abashikirizamanza bavuga ko yashize amahera arenga 33.000$ ku rubuga rwo gukina akamari rwa Polymarket, imbere yuko amakuru ashirwa ahabona.

    Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika buvuga ko ivyo ari ugukoresha amakuru y’ibanga mu nyungu ziwe bwite, bikaba bihanwa n’amategeko.

    Van Dyke yagirijwe ivyaha vyinshi harimwo ubusuma bw’amakuru ya Leta, n’ugukoresha amahera mu buryo butemewe n’amategeko, ivyo bikaba bishobora gutuma afungwa igihe kirekire.

    Urubuga Polymarket, urubuga rwakoreshejwe muri ako kamari, rwavuze ko ari rwo rwabonye iyo myifato idasanzwe maze ruca rubimenyesha abategetsi.

    Ico kibazo caratumye abantu benshi bahagarika umutima ku bijanye n’ingaruka mbi zishobora guterwa n’ubudandaji bwo mu gihugu ku masoko y'akamari cane cane bishingiye ku makuru y'umutekano.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Kenya na Uganda mu biganiro ku kubaka uruganda ruhuriweho rutunganya ibiva kuri peteroli

    Ku wa 23 Mata (Ukwezi kwa4), Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ko igihugu ciwe hamwe n’igituranyi ca Uganda bari mu biganiro vyo kwubaka uruganda rusangi rutunganya peteroli, hagamijwe gutunganya peteroli mbisi no gukomeza umutekano w’inguvu mu karere, mu gihe hariko haraboneka ikibazo c’ibikomoka kuri peteroli n’izamuka ry’ibiciro rifitaniye isano n’intambara yo muri Iran, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri Kenya.

    Avuga mu nama yitwa Africa We Build Summit yabereye i Nairobi, Ruto yavuze ko urwo ruganda ruzokwubakwa hafi y’icambu ca Tanga muri Tanzaniya, rukazotunganya peteroli mbisi iva mu bindi bihugu vy’akarere birimwo Repubulika ya Demokarasi ya Kongo na Sudani y’Epfo.

    Ruto yongeyeho ati: “Tuzokwubaka umuyoboro wa peteroli uva Tanga uja i Mombasa, ku buryo ibikomoka kuri peteroli vyatunganyijwe bizokwunguruzwa biciye ku bikorwa remezo dusangiye na Uganda.”

    Muri iyo nama nyene, umuherwe w’Umunya- Nigeria Aliko Dangote, akora mu gisata c’inguvu, yavuze ko yiteguriye kwubaka urwo ruganda mu kiringo kitarenza imyaka itanu, mu gihe yobona ubufasha bw’abo bategetsi.

    Yavuze ko ruzoba rusa n’uruganda rwa Dangote Petroleum Refinery ruri i Lagos, rusanzwe rutunganya peteroli ingana n’utugungutu tugera ku 650.000 ku musi.

    Kwishingikiriza ku peteroli itumizwa mu mahanga vyatumye akarere kagira ihungabana rikomeye ry’ibikomoka kuri peteroli mu gihe amakimbirane yo mu Buseruko bwo Hagati abandanya, aho Kenya na Tanzaniya vyazamuye cane ibiciro vya peteroli muri Mata(ukwa4).

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Trump yavuze ko atazakoresha intwaro kirimbuzi muri Iran

    Perezida Donald Trump yavuze ko atazakoresha intwaro ya kirimbuzi muri Iran kuko igisirikare cya amerika cyageze ku ntego zacyo mu buryo bw’imirwano isanzwe.

    Abajijwe n’umunyamakuru niba yakoresha intwaro kirimbuzi kuri Iran, Trump yavuze ko icyo kibazo kirimo “ubucucu”.

    Ati: “Kuki nayikenera? Kuki nakoresha intwaro kirimbuzi mu gihe mu buryo busanzwe twabasibanganyije bya nyabyo ntayo dukoresheje?”

    Yongeraho ati: “Intwaro ya kirimbuzi ntikwiye kwemererwa gukoreshwa n’uwo ari we wese”.

    Trump avuga ko intambara ya Amerika muri Iran igamije kubuza icyo gihugu “kutazigera” gitunga intwaro kirimbuzi.

    Intwaro za kirimbuzi zifite n’ibihugu mbarwa ku isi, ubwa nyuma ziheruka gukoreshwa mu mirwano ni igihe Amerika yaziteraga mu Buyapani mu ntambara ya kabiri y’isi mu myaka 80 ishize.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Iran: Komanda w’igisirikare yavuze ku bumwe bafite nyuma ya Trump wavuze ko hari 'imirwano imbere' mu bategetsi

    Brigadier General Esmail Qaani komanda w’umutwe w’ingabo za Iran wa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) ishami rya Quds yiyongereye ku bandi bategetsi bavuze ku bumwe bwa Iran no gukomera k’ubutegetsi nyuma y’uko Perezida Trump avuze ko imbere muri butegetsi bwa Iran hari ibibazo.

    Kuwa kane, Trump yavuze ko hari “imirwano y’imbere” mu butegetsi bwa Iran, kandi ko abanya-Iran “batazi neza utegeka” igihugu.

    Bamwe mu bategetsi ba Iran bahise batangira gusubiza, bavuga ko Iran yunze ubumwe muri ibi bihe irimo.

    Esmail Qaani yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko “Umugongo” w’abarwanyi ba Iran ari “ubumwe bw’imihana no gukorana neza kw’abategetsi”.

    Yanditse ati: “Mu bumwe bukomeye nk’icyuma bw’igihugu na leta, no mu kubaha kuzuye umutegetsi w’ikirenga, tuzatuma uwaduteye abyicuza”

    Esmail yavuze ibi nyuma y’andi matangazo ya perezida wa Iran, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga n’umukuru w’inteko ishinga amategeko nabo bavuze basubiza Trump.

  9. "Impungenge zikomeye cane" za HCR ku biriko biba ku mpunzi z'Abarundi mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, UNHCR, rivuga ko rifise “impungenge zikomeye cane” ku makuru aheruka yerekeye ihohoterwa n’ugushirwako igitutu kwiyongereye ku kibanza c’ukurindiriramwo gutaha kiri mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania, ubu kirimwo impunzi zirenga 5.600 z'Abarundi zirengeye cane ubushobozi bwaco.

    Mw’itangazo barungikiwe BBC Gahuzamiryango, UNHCR yavuze ko yari yahagaritse gatoyi kwiyandikisha kw’abipfuza gutaha ku bushake, ariko ico gikorwa casubiye kubandanya inyuma y’uko Leta ya Tanzaniya itanze ivyizigiro ko ibintu vyasubiye mu buryo. Ariko yagabishije ko ibintu biguma bihindagurika.

    Iryo shirahamwe rivuga ko rifatanije n’abafatanyabikorwa barimwo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara yabantu OMS n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM, ribandanya gutanga imfashanyo za nkenerwa nk’uburaro, amazi meza, isuku, ubuvuzi hamwe n’imfashanyo y’ibifungurwa ku mpunzi z’Abarundi ziri mu makambi ya Nduta no muri Nyarugusu.

    Ku rundi ruhande, Leta ya Tanzaniya yashizeho intumbero ko gushika mu kwezi kw’indwi ata mpunzi y’Umurundi izoba ikiri muri ico gihugu.

    Ariko zimwe mu mpunzi zabwiye BBC ko zikubitwa kandi zidahabwa amazi n'imfungurwa, aho hantu huzuye cane kandi harangwa isuku rike.

    Benshi bavuga ko ivyo bariko barabona bisa n’ugushirwa ku gitutu kugira batahe, aho kuba ugutaha ku bushake.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Papa Leo asaba America na Iran gusubira mu biganiro vy'amahoro

    Papa Leo yasavye America na Iran kubandanya ibiganiro vy'amahoro bigamije kurangiza intambara, avuga ko iyo ntambara yasize "abanyagihugu benshi muri Iran mu kababaro".

    Ayo majambo aje inyuma y'ukutumvikana gukomeye kwabaye hagati yiwe na Prezida Donald Trump wa Amerika, aho Trump yasohoye amajambo maremare kuri Papa, amwagiriza kuba yamirira kure ibikorwa vya gisirikare vya Amerika na Israel muri Iran.

    Papa yavuze ati: “Ndashigikiye ko ibiganiro vy’amahoro bibandanya, ko impande zose zogerageza uko zishoboye guteza imbere amahoro, gukuraho ivyago vy’intambara no kwubahiriza amategeko mpuzamakungu.”

    Yabivugiye mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu ndege ariko aarataha i Roma, avuye mu rugendo yagiriye ibihugu bine vya Afrika.

    Yongeyeko ati: “Nk’umwungere w’abantu, sinoshigikira intambara. Ndashaka guhamagarira bose gushira inguvu mu kurondera inyishu ziva mu muco w’amahoro, atari urwanko n’ukwicana.”

    Yamenyesheje kandi ko afise ifoto y'umwana w'umuyisilamu wo muri Liban yafotowe afise icapa canditseko “Murakaza neza Papa Leo” igihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu mwaka uheze.

    Ati: "Muri iyi ntambara iheruka uwo mwana yarishwe."

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Israel na Liban kongerejwe indwi zitatu

    Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za America, Donald Trump, yamenyesheje ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Israel na Liban azokwongerezwa indwi zitatu, inyuma y'ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru vyabereye muri nyubakwa z’umukuru w’igihugu ca America, White House.

    Mu butumwa yashize ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'ico yise "umubonano w'amateka cane" hagati y'abategetsi ba Israel na Liban mu biro vy'umukuru w'igihugu, vyitabwe n'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance hamwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Marco Rubio.

    Trump yongeyeko ko America izokorana na Libani mu "kuyifasha kwikingira Hezbollah," ivyo bikaba vyerekana ko hari utwigoro mu vya dipolomasi two kugarukana amahoro mu karere.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko abategetsi b'ivyo bihugu vyompi vyitezwe ko baja i Washington mu ndwi ziri imbere, harimwo umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu na prezida wa Liban Joseph Aoun.

    Abaserukira ibihugu vya America, Israel na Liban barashimye ico cemezo, bakavuga ko biyemeje kurwanya Hezbollah.

    Trump yavuze ko Amerika ifise "ibikenewe vyose" vyo gushigikira ivyo bihugu vyompi, n'aho hataramenyekana ukuntu bizoshirwa mu ngiro.

    Iyi ntambwe ibonwa nk’igice c’akigoro ka Amerika ko kugabanya umwuka mubi mu karere, aho Trump yerekanye ko bishobora no kujana n’ibiganiro biriko biraba bijanye n’intamabara ya Iran.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.