Papa Leo asaba America na Iran gusubira mu biganiro vy'amahoro

Ahavuye isanamu, Reuters
Papa Leo yasavye America na Iran kubandanya ibiganiro vy'amahoro bigamije kurangiza intambara, avuga ko iyo ntambara yasize "abanyagihugu benshi muri Iran mu kababaro".
Ayo majambo aje inyuma y'ukutumvikana gukomeye kwabaye hagati yiwe na Prezida Donald Trump wa Amerika, aho Trump yasohoye amajambo maremare kuri Papa, amwagiriza kuba yamirira kure ibikorwa vya gisirikare vya Amerika na Israel muri Iran.
Papa yavuze ati: “Ndashigikiye ko ibiganiro vy’amahoro bibandanya, ko impande zose zogerageza uko zishoboye guteza imbere amahoro, gukuraho ivyago vy’intambara no kwubahiriza amategeko mpuzamakungu.”
Yabivugiye mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu ndege ariko aarataha i Roma, avuye mu rugendo yagiriye ibihugu bine vya Afrika.
Yongeyeko ati: “Nk’umwungere w’abantu, sinoshigikira intambara. Ndashaka guhamagarira bose gushira inguvu mu kurondera inyishu ziva mu muco w’amahoro, atari urwanko n’ukwicana.”
Yamenyesheje kandi ko afise ifoto y'umwana w'umuyisilamu wo muri Liban yafotowe afise icapa canditseko “Murakaza neza Papa Leo” igihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu mwaka uheze.
Ati: "Muri iyi ntambara iheruka uwo mwana yarishwe."
Izindi nkuru wosoma:

