‘N’ihema ryo gusakara akazu sinzi iyo nzorivana’- uwatewe n’imyuzure ya Gatumba i Bujumbura
Mu Burundi ubu ni igihe c’ici. Ni agahengwe ku bari bamaze igihe c’imvura baterwa n’imyuzure y’uruzi Rusizi n’ikiyaga Tanganyika mu Gatumba mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura.
Ariko imyuzure imaze imyaka ibiri yama igaruka buri mwaka hari abo yatumye kubaho ku musi ku musi ari igihamana.
Muri abo harimwo Safia Nizigiyimana, umutamakazi w’imyaka 70.
Inzu yiwe n’iyo umuhungu wiwe zose zasenyuwe n’amazi. Aho zahora ubu nta kimenyetso na kimwe kikihari cazo.
Kuva mu kwezi kwa kane atewe n’amazi ubugira kabiri, yari ahawe indaro n’umubanyi. Ariko ubu kubera abana bagira batahe mu buruhuko bava iyo bahora biga yamubwiye ko yoraba ahandi aja kuba.
Ahahora inzu ya Safia , ababanyi bariko baramufasha kwubaka agasago azoshirako ihema ngo abemwo n’abuzukuru batanu areze, abakobwa batatu n’abahungu babiri bafise imyaka iri hagati ya munani na 17.

Ahavuye isanamu, UNICEF BURUNDI
Bavuka ku muhungu wiwe yari yavyaye ari ikinege. Amaze gupfa umugore wiwe yaciye aja kurongorwa ahandi amusigarana abo bana bose.
Uretse ubuto bw’ako gasago ku bantu batandatu, n’ibikoresho vyo guheza kukubaka Safia ntazi ko azobikwiza.
Avuga ko umubanyi amufasha kukubaka yamubwiye ati: ‘’N’uduti two kukubaka natubuze.
‘’None ko utagira n’amahera yo kugura ihema bizogenda gute, uzoyisakaza iki?’’
Safia yizeye ko ‘’abagira neza hari igihe boza bakamfasha bakangurira agahema nkaba ndashirako’’.
Ku myaka 70, Safia avuga ko kugira aronke ikimubeshaho aja kurondera aho aca ingero mu kurima canke kwamura ipampa.
Ubu icizere ca Safia n’uko reta igiye kwubakira uruzi Rusizi kugira amazi yarwo ntazosubire kurenga ikombe ngo abatere.
Ni naco cizere ca Filemon Misabiro. Uwo mugabo w’abagore babiri n’abana 17 ubu bose baba muri site ya Sobel muri zone Maramvya iyo bahungishirijwe kuva batewe n’amazi.

Ahavuye isanamu, UNICEF BURUNDI
Muri site ya Sobel muri Zone Maramvya ubu hariyo abantu barenga ibihumbi 6.000, ariko bose hamwe abateshejwe izabo n’imyuzure ya Gatumba muri iyi myaka itatu iheze barenga abo.
Co kimwe n’abandi bose bakiri mu buhungiro, Filemon yizigiye ko uruzi Rusizi rwubakiwe batazosubira guterwa n’amazi.
‘’Twebwe ikintu kiduha icizigiro co kugaruka ngaha mu Gatumba n’uko abashikiranganji baguma bavuga ko bazokwubaka idigi [digue] Rusizi ntiruzotere kandi mu Gatumba’’, niko Filemon avuga.
‘’Tuzoshimira Imana [tuti] reta yacu yatugiriye neza’’.










