Covid-19: Ingene ibimenyetso vyayo vyagiye birahinduka

Ububabare bwo mu muhogo, kumeneka umutwe, ibiseru vyinshi n’inkorora nivyo  bimenyetso nyamukuru bishobora kwerekana ko umuntu afise covid-19.

Ibi biri mu cegeranyo co mu Bwongereza gifatiye ku nkuru zatanzwe n’abantu ibihumbi 175 bapimwe bagatorwa umugera mu ndwi yari iheze.

Ibi biri mu cegeranyo co mu Bwongereza gifatiye ku nkuru zatanzwe n’abantu ibihumbi 175 bapimwe bagatorwa umugera mu ndwi yari iheze.

Ibiharuro vyegeranijwe hifashishijwe  app ya Zoe Covid, vyarihwejwe  ku bufatanye bw’abashakashatsi ba kaminuza ya King’s  College London, bafashwe mu mugongo na NHS, igisata citaho amagara amagara y’abantu muri ico gihugu.

Ico cigwa cerekanye ko ubushuhe burenze , ukutamoterwa hamwe no kutumva ico umuntu ashize ku rurimi uko kimeze (mko kutamenya ko kirura canke gisosa) vyari bisanzwe ari vyo bimenyetso vyerekana iyo ndwara mu mezi make aheze, bitacibonekeza cane ubu.  

Ibindi bimenyetso nk’ijwi rijwangaraye, kwitsamura/kwasamura, uburuhe n’ububabare bw’umubiri vyagumye biboneka ku rutonde  rw’ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Ibimenyetso nyamukuru 20 vya Covid-19 kuva kuri kinini uja kuri gitoya hakurikijwe ivyigwa vyakozwe na Zoe, n’ibi bikurikira:

 

  • Ububabare bwo mu muhogo, bufise abantu 58% y’abitavye iki cigwa.
  • Kumeneka umutwe - 49%
  • Kuziba amazuru -40%
  • Inkorora itagira igikororwa -40%
  • Akanira -40%
  • Inkorora ifise igikororwa -37%
  • Ijwi rjwangaraye -35%
  • Kwasamura (kwitsamura) -32%
  • Uburuhe -27%
  • Ububabare bw’umubiri -25%
  • Iseseme -18%
  • Kuvyimba izosi -15%
  • Ububabare bw’ijisho -14%
  • Kumoterwa ukundi-13%
  • Gupfungana canke kubabara mu gikiriza -13%
  • Ubushuhe -13%.
  • Kujugumira -12%
  • Ingorane mu guhema -11%
  • Ububabare mu gutwi -11%
  • Gutakaza kumoterwa -10%

Aya makuru ahuye n’ubundi bushakashatsi bwa vuba .

Nk’akarorero icigwa React-1, buri kwezi,  cama  gifata kitarobanuye,  abantu hafi ibihumbi 150 mu Bwongereza. Bose baca bagirirwa igipimo cihuta co gusuzuma ko ata mugera bafise.

Ivyavuye muri ico cigwa ubu bwa vuba vyerekana ko ibimenyetso vya Covid-19 bigaragara kenshi bitagumye ari bimwe mu gihe c’ico kiza.

Ivyo bishobora kuba vyatewe n’uko umugera wa corona wagiye urahindagura imero, nk’ukop abahinga bavyibaza.

Harabonetse ubwoko bwinshi bw’umugera wa  corona kuva ubwa mbere butowe mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa. Ubwoko bwa vuba ni Omicron.

 

Abashakashatsi ba React-1 - bo kuri  Imperial College London -  bemeza ko gutakaza ukumoterwa n’ukutumva ibisosa canke ibirura bisa n’ibidakunda gushika kenshi ku bwoko bushasha bw’uwo mugera.

Ariko abakozweko amatohoza bigeze kurwara bavugako  ibimenyetso vy’inkorora canke ibicurane  biguma vyibonekeza. 

Barihweje imero ya mbere y’ubwoko bwa Omicron buzwi nka BA.1 na BA.2,  bwiganje cane guhera  mu kwezi kwa gatatu mu 2022.

Kuva ico gihe, ibisanira bibiri vyamuka kuri Omicron,  vyandukira cane , vyiswe  BA.4 na BA.5 vyarakwiye henshi kandi akaba arivyo ahanini vyafashe abanduye bashasha.  

Haragereranywa ko abantu miliyoni 2,7  mu  Bwongereza - n’ukuvuga 1 kuri 25 – ubu banduye  umugera wa Covid-19, kandi ko ibihugu vyinshi vyo muri Amerika y’Epfo no kw’isi nzima  ubu bwa vuba igitigiri c’abandura ciyongeye.    

Tim Spector arongoye ico cigwa akoresha app ya Zoe avuga ko n’ubu hataraboneka uburyo bwo kwirinda   Covid. 

Agira ati : ’’N’abantu bagwaye bigeze kurwara  Covid kandi bakaronka urucanco barayandura”. 

Abandanya ati: “Dutegerezwa kuraba neza ko ari nkenerwa ko twitaba imanza zihuriramwo abantu abantu  benshi, ko tuja gukorera mu mu biro canke canke ko dukoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza um masaha buba bukenewe n’abantu benshi”.