China yakoze umwimenyerezo usa n''ugutera' muri Taiwan
Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Matt Murphy & Christy Cooney
- Igikorwa, BBC NEWS
Ubushinwa bwakoze umwimenyerezo wo gutumbereza ibitero ku vyo bushaka kugema muri Taiwan no mu mazi ayikikuje ku munsi ugira kabiri w’ico gikorwa ca gisirikare.
Iyo myimenyerezo – Beijing yise ‘’igabisha rikomeye’’ kuri Taipei, irimwo ubwato n’indege vy’intambara mu kugira ikimeze nko gukikuza no kwugariza iryo zinga.
Taiwan yavuze ko indege z’Ubushinwa 71 zagurutse irya n'ino y'iryo zinga.
Ico gikorwa kizobandanya ku wa mbere.
Abategetsi ba Taiwan barakajwe cane n’ico gikorwa, ku wa gatandatu ubushikiranganji bwo kwivuna abansi i Taipei bwagirije Beijing gukoresha urugendo rwa Madame Tsai – aho yabonanye n’umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika Kevin McCarthy – mu guhungabanya amahoro, amaragamo hamwe n’umutekano vy’akarere.
Ico gikorwa ciswe ‘’Inkota y’Ubufatanye’’, kizobandanya ku wa mbere.
Ku wa gatandatu bumwe mu bwato bw’Ubushinwa bwararashe igihe bwariko buraca hafi y’izinga rya Pingtan, agace k’Ubushinwa ka mbere kegereye cane Taiwan, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Mu gihe iyo myimenyerezo yari yarangiye izuba rirenze ku wa gatandatu, Taiwan ivuga ko yakomeje kuri uyu wa mungu.
Ubushikiranganji bwa Taiwan bwo kwivuna abansi buvuga ko indege 71 n’ubwato icenda vy’Ubushinwa vyajabutse umurongo wo hagati na hagati mu ngobane ya Taiwan (Taiwan Strait) mu masaha 24 yari aheze.
Uwo murongo n’urugabano rutazwi icese hagati y’ahagarukira Ubushinwa na Taiwan.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwasavye Ubushinwa kudatwarwa cane n’umubonano, wabereye i California, buca busaba ‘’kwigumya no gusubira uko ibintu vyari bisanzwe bimeze’’.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire yavuze ko Amerika iriko ‘’irakurikiranira hafi ivyo bikorwa vya Beijing’’ aca ashimika ko Amerika ifise ‘’uburyo n’ubushobozi buhagije muri ako karere bwo kwubahiriza amahoro n’amaragamo no kurangura inshingano zacu z’umutekano.’’
Amerika yaciye imigenderanire na Tapei ihitamwo Beijing mu 1979, ariko ifise inshingano z’amategeko zo guha Taiwan uburyo bwo kwivuna.
Prezida wa Amerika Joe Biden amaze gusubiramwo kenshi ko Amerika izogira ico ikoze hamwe Ubushinwa bworamuka buteye iryo zinga, ariko ubutumwa bwa Amerika ku co yokora neza na neza ntibwagiye burasobanuka neza.
Mu mubonano wo ku wa gatatu, Madame Tsai yashimiye umukuru w’inama nshingamateka McCarthy ku kuba Amrerika ‘’idahesha mu gushikira [Taiwan]’’ avuga ko bifasha guha icizere ‘’abanya-Taiwan ko batari bonyene’’.
McCarthy ubwa mbere yari yategekanije kuja muri Taiwan ubwiwe, ariko ahitamwo gukorera uwo mubonano muri California kugira yirinde kwunyura icuka kibi n’Ubushinwa.
Ibinyamakuru vyo mu Bushinwa vyavuze ko iyo myimenyerezo iza ‘’gukorera icarimwe amarondo n’ukwegera izinga rya Taiwan, isagirize Taiwan yose kandi igire imforo yo gutururuza’’.
Vyongerako ko ‘’ibigwanisho birasa roketi ku ntera ndende, ibisambura ubwato bw’intambara, ubwato bufise misire, indege z’intambara, izitera amabombe, ibihungabanya imishwarara y’ivyuma vy’umwansi, hamwe n’ibitwara ibitoro vyo kwuzuza ’’ vyose vyagomowe n’igisirikare c’Ubushinwa.
Igihagararo ca Taiwan ntigitomoye kuva um 1949 igihe intambara yo hagati mu Bushinwa yarangira hatsinze umugambwe wa gi-komunista hanyuma reta yari ihari igahungira muri iryo zinga.
Taiwan kuva ico gihe ifata ko ari igihugu cigenga, gifise ibwirizwa shingiro ryaco n’abategetsi baco bwite ariko Ubushinwa buyifata nk’intara yabwo yiyonkoye kandi amaherezo izosubira mu butegetsi bwa Beijing – ku nguvu bibaye ngombwa.
Umukuru w’Ubushinwa Xi Jinping yavuze ko ‘’ukwiyunga’’ na Taiwan ‘’bitegerezwa kuranguka’’.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka