Aba jenerari babiri barwanira kazoza ka Sudan ni bande?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Copnall
- Igikorwa, Umusesanguzi wa Sudan
Urwamo rwâibisasu, ikirere cuzuye umwotsi ubabaje, wirabura, ubuzima bwa minsi yose mu bwoba no kutamenya ko buca mu gihe amasasu, roketi nâibihuha biguma bicanacanako.
Ubuzima ku mugwa mukuru wa Sudan, Khartoum, no mu bindi bice vyinshi vyâigihugu, bwahindutse bukwi na bukwi mu nzira mbi.
Vyose bishingiye ku ba jenerari babiri: Abdel Fattah al-Burhan, umukuru wâingabo za Sudan (SAF) na Mohamed Hamdan Dagalo, azwi cane nka Hemedti, umukuru wâumugwi witwara bwa gisirikare wa Rapid Support Forces (RSF).
Abo bagabo barakoranye, batembagaza ubutegetsi bari kumwe â none ubu intambara yâuwoganza iriko iratabagura Sudan.
Imigenderanire yâabo bagabo ihera kure cane.
Bompi baragize uruhara rukomeye mu kurwanya abitwaje ibigwanisho bari bagararije muri Darfur mu ntambara yo mu ntara yo mu buseruko bwa Sudan yatanguye mu 2003.
Gen Burhan yahavuye ashingwa kurongora ingabo za Sudan muri Darfur.
Hemedti yari umukuru wâumwe mu migwi nyinshi yitwara gisirikare yâAbarabu, izwi muri rusangi nka Janjaweed, reta yakoresha mu kurwanya nâububisha bwinshi imigwi yitwaje ibigwanisho ahanini isanzwe itari iyâAbarabu.
Majak D'Agoot niwe yari icegera câumukuru wâibiro vyâiperereza ico gihe â imbere yâuko aba icegera câumushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Sudan yâEpfo igihe yiyonkora mu 2011.
Yarahuye na Gen Burhan na Hemedti muri Darfur, hanyuma avuga ko bakorana neza. Ariko yabwiye BBC ko atabona ikimenyetso câuko bashobora kuduga gushika kwâisonga ryâigihugu.
Hemedti nta kindi yari atari ukuba umukuru wâumugwi witwara gisirikare ââwari ufise uruhara rwo kurwanya abitwaje ibigwanisho, ufasha igisirikareââ. Mu gihe Gen Burhan yari umusirikare yabigize umwuga, nâubwo ââ kubera ishaka ryâukurondera kuduga riri mu ntwazangabo za Sudan, vyose vyashobokaââ.
Igisirikare muri Sudan nico gitwara igihugu umwanya munini kuva igihugu kikironka intahe yo kwikukira.
Mu kurwanya abitwaje ibigwanisho bo muri Darfur, hakoreshwejwe ingabo zâigihugu, imigwi yitwara bwa gisirikare ishingiye ku moko hamwe nâibigwanisho vyo mu kirere -ata kwitaho ingaruka ko banyagihugu basanzwe.
Darfur yavuzwe ko yabaye jenocide ya mbere yo mu kinjana ca 21 aho aba Janjaweed bavuzwe ko bakuzako mu kwica no kwomora bishingiye ku bwoko kandi bagakoresha gusambanya ku nguvu ikivunga nkâikigwanisho co mu ntambara.
Hemedti yahavuye aba umukuru (komanda) wâico umuntu yokwita icavyawe nâaba-Janjaweed, RSF yiwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ububasha bwa Hemedti bwakomeye cane igihe yatangura gutanga ibigwanisho vyo kurwanira urunani rurongowe na Arabia Saudite mu ntamabara yo muri Yemen.
Umutegetsi wa gisirikare wa Sudan ico gihe, Omar al-Bashir, yahavuye yishimikiza Hemedti na RSF mu kugabanya ububasha bwâigisirikare câigihugu, yizeye ko vyari kugorana cane ko umugwi umwe uri wonyene wari gushobora kumutembagaza.
Amaherezo, inyuma yâamezi yâimyiyerekano yâabanyagihugu â aba jenerari bahavuye baja hamwe kugira batembagaze Bashir, muri Ndamukiza mu 2019.
Mu mpera zâuwo mwaka baciye bagiranira amasezerano nâabagize imyiyerekano yo gushinga reta irongowe nâaba-civil ariko igakurirwa nâinama yâigihugu, ihuriramwo abasivire (civil) nâabasirikare, Gen Burhan akaba umukuru wayo, Hemedti icegera ciwe.
Yamaze imyaka ibiri -gushika muri Gitugutu mu 2021 â igihe abasirikare baca bigarurira ubutegetsi bonyene, nâubundi Gen Burhan ari we ari kwâisonga nkâumukuru wâigihugu, Hemedti nâubundi akaba icegera ciwe.
Siddig Tower Kafi yari umusivire (civil) yari mu bagize inama yâigihugu, akaba rero yarabonana cane nâabo bagabo babiri.
Avuga ko ata kimenyetso câuko batumvikana yari bwabone gushika inyuma yâitembagazwa ryo mu 2021.
Hanyuma ââGen Burhan yaciye atangura kugarukana abashingiye ku vyiyumviro bikaze vya Islam [Islamists] hamwe nâabahora muri reta ya kera mu bibanza bahoranwoââ, nkâuko yabwiye BBC.
ââVyariko biragaragara ko umugambi wa Gen Burhan wari uwo kugarukana ubutegetsi bwa Omar al-Bashir.ââ

Siddig avuga ko ico gihe ari ho Hemedti yatanguye kugira amakenga, kuko yumva ko abagenzi ba Bashir batari barigeze vyâukuri bamwizera.
Poritike ya Sudan yamye yiziziwe nâabantu bava mu migwi yâubwoko yo mu micungararo ya Khartoum na River Nile.
Hemedti ava muri Darfur, kandi abari mu butegetsi muri Sudan rimwe na rimwe bamuvuga mu majambo yâagasuzuguro, ngo ni ââimyungu yo mu gihuguââ itabereye gutwara igihugu.
Mu myaka ibiri canke itatu iheze, yaragerageje kwiha ikibanza ku rwego rwâigihugu, mbere nkâuwuserukira ibice bititabwaho â agerageza kwunga urunani nâabitwaje ibigwanisho bo muri Darfur na Kordofan yâEpfo ubwa mbere yari yigeze gushingwa gusambura.
Yaranavuze kenshi ko hakenewe demokrasi nâubwo imigwi yiwe muri kahise yatururuje mu bubisha ntangere abanyagihugu bari mu myiyerekano.
Icuka kibiri hagati yâigisirikare na RSF caduze uko isango ryo gushinga reta yâigi-sivire (civil) ryagenda riregereza, kigashingira ku kibazo gihambaye câingene RSF yari kwinjizwa mu ngabo zâigihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Noneho gutana mu mitwe biraruha biraduka, hagati yâaba RSF ya Hemedti na Gen Burhan, bagwanira gutwara igihugu.
Nibura mu nzira imwe, Hemedti yageze ikirenge mu câabategetsi ba SAF, ubu ariko aragwanya- mu myaka mike iheze, yarubatse urudandazwa runini kandi rukomeye cane, harimwo inyungu mu butare bwâinzahabu no mu bindi bisata vyinshi.
Gen Burhan na Hemedti bompi barahanzwe nâamajwi yâindongozi za gi-sivire nâabakozweko nâintambara muri Darfur nâahandi basaba ko boshirwa imbere yâubucamanza ku vyaha bavugwa ko bakoze.
Ibibazo birakomeye cane, kandi hari imvo nyinshi zâuko aba bahoze basenyera ku mugozi umwe ariko bakaza kwankana urunuka ata nâumwe yohesha.











