Igisirikare ca Irani casubiye kwugara Umuhora wa Hormuz – ibinyamakuru vya reta

Ahavuye isanamu, Reuters

Igihe co gusoma: iminota 3

Igisirikare ca Irani gitangaza ko casubiye kwigarurira Umuhora wa Hormuz, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vyegamiye canke vyegukira reta.

Itororokanirizo ry'amakuru Fars rifitaniye isano n'ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guards Corps, IRGC), itororokanirizo ry'amakuru ISNA (Iranian Students News Agency), hamwe n'ikinyamakuru ca reta IRIB, bisubiramwo itangazo rya IRGC rivuga ko uno muhora uzosubira "uko wahora umeze", aho ingabo ari zo zigenzura aka karere.

Mw'iri tangazo, IRGC yagiriza Amerika ko ikora 'ubusuma bwo ku mazi' (piraterie), ikavuga ko "ico yita igota" ari ubusuma bwo ku mazi.

Irani yari yamaze kugabisha ko yari kwugara uno muhora mu gihe Amerika yobandanya kugota ibivuko vya Irani.

Umukuru w'inama nshingamateka ya Irani Mohammad Bagher Ghalibaf, ari na we yari arongoye intumwa za Irani mu biganiro biheruka na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mugwa mukuru wa Pakistani, Islamabad, yari yanditse ku rubuga rwa X ati "mu gihe [Amerika] yobandanya kugota" ibivuko vya Irani, uno muhora "ntuzoguma wuguruye".

Yashimangiye ivyari vyavuzwe imbere y'aho n'umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire, Esmail Baghaei, yari yavuze ko "iyugururwa canke iyugarwa ry'uno muhora hamwe n'amabwirizwa awugenga bizovana n'ukungene ibintu bizoba vyifashe ku rubuga, si ku mbuga hwaniro".

Ghalibaf na Baghaei bashikirije aya majambo inyuma y'ubutumwa umushikiranganji w'imigenderanire Abbas Araghchi yacishije ku rubuga rwa X, aho yavuze mu Congereza ko "imiryango ku mato yose y'ubudandaji" mu Muhora wa Hormuz "yuguruwe rwose mu gihe cose gisigaye c'agahengwe".

Amajambo ya Araghchi yaraneguwe cane na bimwe mu binyamakuru vya Irani hamwe na bamwe mu banya-Irani bagendera ku vyiyumviro bikaze, aho bamusavye "gutanga umuco" ku majambo yiwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ghalibaf yanditse ati: "Intambara y'amajambo no kwigarurira ivyiyumviro vy'abantu ni kimwe mu bintu nyamukuru bigize intambara, ariko aya mayeri ntashobora kuyovya Irani".

Ku ruhande rwiwe, Perezida Donald Trump ntiyatevye gushimagiza iyi ngingo mu rukurikirane rw'ubutumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, mbere akaba yanavuze ko na mugenziwe w'Ubushinwa Xi Jinping "anezerewe cane kubona Umuhora wa Hormuz wuguruye kandi/canke ugiye kwugururwa vuba".

Gusa, yashimangiye ko ingingo ya Amerika yo kugota ibivuko vya Irani izobandanya gushika habaye amasezerano yuzuye hagati ya Amerika na Irani.

Nubwo vyagenze uko, iyi nkuru yatumye ibiciro vy'igitoro bica bimanuka ubwo nyene.

Akagunguru k'igitoro karamanutse kagera ku madorari y'Abanyamerika 88 inyuma y'uko Amerika na Irani bitangaje ko uno muhora wuguruye, mu gihe imbere y'aho ejo ku wa gatanu kari kageze ku madorari 98.

Iyo hagize ikiba kuri uno muhora, ibiciro vy'igitoro bica bihinduka, ubwo rero nimba vyari vyamanutse, nta wuzi ko mu mwanya uri imbere bidaca bisubira kwirasa bwampi.

Umuhora wa Hormuz ni umugende mutoya w'amazi uri mu bumanuko bwa Irani usanzwe ucamwo ica gatanu c'igitoro hamwe na gaze y'amazi bizunguruka kw'isi.

Kuva Amerika na Israel bitanguye ibitero vya gisirikare kuri Irani mu mpera z'ukwa kabiri uno mwaka, Tehran (ubutegetsi bwa Irani) na yo yaciye yugara uno muhora.

Uruja n'uruza rw'amato yunguruza igitoro aciye muri uno muhora rwaragabanutse cane, ivyatumye ibitoro na gaze ku masoko mpuzamakungu bigabanuka cane, maze ibiciro na vyo bica biraduga cane.

Imbere y'iyi ntambara, akagunguru k'igitoro kagurwa musi y'amadorari 70 y'Abanyamerika. Igiciro caraduze kurenga ku madorari 100, mbere mu kwa gatatu kikaba carageze ku madorari 119 ku kagunguru. Mu masaha yitereye y'ejo ku wa gatanu, carasubiye kiraduga gatoya gushika ku madorari 92.

Mu gihe Irani yari yavuze ko uno muhora 'wuguruye rwose' mbere na Trump akavyishimira, ishirahamwe ryitaho ibinanye n'uruja n'uruza rwo mu mazi BIMCO ryari ryaragabishije abakorera muri ico gisata ku ngaruka ribona ko zikibandanya.

Jakob Larsen arongoye igisata kijejwe umutekano muri BIMCO, yagise ati: "Nta muco uhari ku bijanye n'akaga gashobora guterwa n'amamine mu mayira y'uruja n'uruza [mu Muhora wa Hormuz], rero BIMCO ibona ko amakompanyi atwara ibintu akwiye kwirinda ako karere.

"Ibi bisigura ko Inzira z'amato zitaremezwa ko zirimwo umutekano ku buryo uruja n'uruza rwobandanya neza muri iki gihe".

Ni mu gihe umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe uruja n'uruza rwo mu mazi (International Maritime Organization, IMO) yari akigerageza gutahura ido n'ido ry'ibiri mu cemezo ca Irani co gusubira kwugurura Umuhora wa Hormuz.