Erdogan avuga ko Putin yifuza ko ingwano ihera

Prezida wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko yizeye ko umurongozi w’Uburusiya ariko ararondera guheza ingwano yatanguje muri Ukraine, kandi intambwe idasanzwe igiye guterwa.

Akurikije ibiganiro yaheruka kugirana na Vladimir Putin, Recep Tayyip Erdogan yavuze ko abona ko Putin yifuza ko ingwano yoyiheza akanya akariko kose.

Ukraine iherutse kwisubiza uturere twinshi twayo muri uku kwezi. Umurongozi wa Turikiya yavuze ko ibintu bigoye cane ku Burusiya.

Bwana Erdogan yavuze ko yagiriraniye ibiganiro bikomeye na Putin mu nama y’abakuru b’ibihugu yabereye Uzbekstan mu ndwi iheze.

Mu kiganiro na Radiyo yo muri Amerika PBS, umurongozi wa Turkiya yavuze ko yasanze umukuru w’igihugu c’Uburusiya yari akeneye ko ingwano ihera vuba.

Mu bisanzwe ariko anyereka ugushaka ko ingwano ihera mugihe ca vuba. Bwana Erdogan yagize ati: "Uko niko navyibajije kuko uburyo ibintu biriko biragenda muri iki gihe ni nabi cane."

Yongeye avuga ko abafashwe ingwate 200 bagiye gukabishwa n’abandi hagati y’izo mpande zose. Nta bindi birenzaho yavuze bijanye n’abazoba bari mu banyororo bazohanahanwa.

Erdogan yagumye agerageza kuba umuhuza mugihe c’ingwano, agashira imbere intambwe yo hagati nk’uwuri mw’ishirahamwe rigwaniriza umwansi hamwe rya Bulaya na Amerika, OTAN, mu gihe yiyamiriza ibihano ibihugu vya Bulaya vyafatiye Uburusiya.

Yarafashije ONU mu guhuza impande zose kugira Ukraine isubire gushorera intete mu makungu, mu ndwi iheze kandi yariko agerageza gutanguza ibiganiro vyo guhagarika ingwano vyo kumugaragaro.

Hagati aho, nyuma y’amezi abiri ingabo z’Uburusiya zifashe akarere kose ka Luhansk ko mu buseruko, Ukraine yarisubije ibice vyako.

Umuyobozi w’intara ya Luhansk Serhiy Haidai yavuze ko inteko z’Uburusiya zavuye ku mutumba wa Bilohorivka - ariko ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira zigume ahandi hose.

Umukuru w’igihugu Zelensky yavuze ko "abahafashe bari mu bwoba".

Mu ntango z’uku kwezi, Erdogan yagirije ibihugu vya Bulaya gushirako amategeko asotora ku bijanye n’Uburusiya aranagabisha ko ingwano ata mahirwe y’uko yohera vuba.

Mu ndwi iheze, umurongozi w’u Burusiya yavuze ko yiteguriye kubonana na President wa Ukraine, ngo ariko Zelensky ntabikozwa. Yabariye umushikiranganji wa mbere w’u Buhindi ko yagomba ko ingwano ihera "vuba na bwango".

Ariko Uburusiya ntacerekezo bwatanze c’uko bwiteze  kwemera ibisabwa na Ukraine mu  kuva  hose mu ntara za Ukraine, harimwo n’izo bwafashe mu 2014.

Crimea yarigaruriwe n’Uburusiya ico gihe, kandi ubu uwahoze ari umukuru w’igihugu Dmitry Medvedev aheruka kuvuga ko abaharanira ukwiyonkora bashigikiwe n’Uburusiya bakwiye gutegura “kamarampaka” zo kubwomorera uturere twa Luhansk na Donetsk – ubu tuzwi nka Donbas.

Prezida Putin yaratangaje akatari gake yuko “kubohoza” intara yo muri Ukraine ya Donbas ari intumbero nyamukuru y’Uburusiya. Bwana Medvev, ubu asigaye ari icegera c’akanama k’Uburusiya kajejwe umutekano, yaravuze ko “kamarampaka i Donbas ari kirumara”.

Abarongozi bo hasi b’intara za Luhansk na Donetsk bashizweho n’Uburusiya nabo nyene baratumyeko amatora yihuta ya kamarampaka kandi n’umuhanuzi w’umushikiranganji wo kwivuna abansi Oleksiy Koptyko yavuze ko vyabaye ibimenyetso vyo guhahamuka i Moscou no kugerageza gutera intege Putin mu bikorwa.

Kiretse kwifatira henshi mu hagize akarere ka Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko, inteko za Ukraine zaratanguje ibitero vyo kugwanya umwansi mu ntara yo mu bumanuko ya Kherson, umurongozi yashizweho n’u Burusiya abwirizwa gutevya amatora kamarampaka yo kwomeka iyo ntara ku Burusiya.

Abajijwe na PBS niba Uburusiya bushobora kwemererwa kugumya na kamwe mu turere bwafashe kuva mu kwa kabiri, canke ko ico kibazo kidashobora kuba mu masezerano y’amahoro, Erdogan yavuze ati oya, nta nkeka n’imwe.

Yongeye avuga ko ibibanza vyari vyarigaruriwe n’Uburusiya bizogarukanwa kuri Ukraine. Ntiyatomoye neza niba intara zigaruriwe n’Uburusiya mu 2014 zirimwo.

Abajijwe niba Uburusiya bwokwemererwa gukumana Crimea - bwiyometseko mu 2014 – Bwana Erdogan yavuze ko kuva ico gihe, Turkiya yagumye ivugana na Bwana Putin ku bijanye no gusubiza ico cibare “ba nyeneco b’ukuri” ngo ariko nta ntambwe yigeze iterwa.