
Jenerali Bosco Ntaganda, avugwa ko afise uruhara runini mu ntambara yo mu buseruko bwa Congo.
Aregwa ivyaha 10 birimwo ivyo mu ntambara n'ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.
Ashobora kurengutswa ubwa mbere ku munsi wa kabiri.
Azomenyeshwa ivyaha aregwa, hace hatangwa n'isango urubanza ruzokongera guhamnagarwa.
General Ntaganda abaye uwambere akekwako ivyaha n'iyi sentare mpuzamakungu mpanavyaha l'iLahe yitanze ku bushake.