Umwitwarariko w'Ubumwe bwa Bulaya na Amerika kw'ifatwa rya Bobi Wine
Ahavuye isanamu, Getty Images
Itangazo ryasohowe na leta zunze Ubumwe za Amerika risaba leta ya Uganda kubahiriza agateka ka zina muntu ku banyagihugu bayo bose.
Ubumwe bwa Bulaya nabwo busaba Uganda guhagarika agakandamizo, ivyo bikaba bivuzwe inyuma y'itabwa muri yompi ry'umunyapolitike Bobi Wine.
Ejo kuwa kane niho abunganira uwo mushingamateka akaba n'umuririnvyi, Bobi Wine, bavuga ko yakubiswe cane igihe yari apfunzwe vy'agateganyo ku buryo yagiye imbere ya sentare ya gisirikare bimugora kuvuga, gutambuka canke kubona.
Bobi Wine yagirizwa gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusa.
Ivyo vyavuzwe amaze gutabwa muri yompi mu gihe hariko hategurwa amatora yo gusubiriza umushingamateka wo mu gisagara ca Arua mu buraruko bwa Uganda.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}