Ibihumbi vy'abantu bimuwe mu bice vya Kenya kubera imyuzure
Ahavuye isanamu, Getty Images
Imyuzure muri Kenya yafukiriye amabarabara ituma abantu benshi bimurwa bakurwa mu bice vyabangamiwe n'ugutemba kw'imisozi nyuma y'imvura y'isegenya.
Ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, rivuga ko ingomero z'umuyagankuba zitatu zuzuye ku buryo bw'ikirenga.
Ivyo vyatumye ibihumbi vy'abantu baba mu biyaya vyegereye izo ngomero babwirizwa kwimukira mu turere twitaramuye.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Croix Rouge kandi ivuga ko mu ndwi zitatu ziheze abantu bashika hafi ibihumbi ijana na mirongo itanu babwirijwe guta ingo zabo.
Mu karere ka Tana River abantu ibihumbi mirongo itanu barahunze, benshi bakaba batse indaro mu mashure canke hanze mu bibanza biri ku misozi.
Soma kandi:
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}