Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 29 bapfuye mu bitero vy'amabombe i Mogadishu
Abantu 29 nibo bavugwa ko baguye mu bitero bibiri vy'amabombe vyagabwe ku munsi wa gatanu, i Mogadishu mu gihugu ca Somalia.
Mu makuru ava mu bitaro yashikiriye BBC, bivugwa ko hari abantu benshi bakomerekeye muri ivyo bitero.
Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al Shabab wiyemereye ko wagavye ivyo bitero, hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu n'ikigo c'iperereza c'igihugu.
Ku munsi wa kane umwe mu bashikiranganji, yari yabuye ko hari igitero kigiye kuba hakoreshejwe imodoka yatezwemwo ibombe.
Abamenyeshamakuru bavuga ko leta yoba yaburiwe n'umunyagihugu.
Ivyo bisasu bituritse haheze iminsi hagenywe abakuru bashasha b'igipolisi, iperereza n'igisirikare.