Ababa mu mashamba muri Brésil batanye mu mitwe n'igipolisi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umupolisi ahanganye n'umunyagihugu afise umuheto n'umwampi

Abantu baba mu mashamba mu gihugu ca Brésil batanye mu mitwe n'igipolisi ku munsi wa kabiri ku mugwa mukuru Brasilia, kubera ibibazo vy'amatongo.

Ibihumbi vy'abo bantu bakoraniye ku ngoro y'inama nshingamateka basaba uburenganzira ku matongo, bidogera n'ingene batewe n'abaca ibiti hamwe n'abarimyi.

Abaharanira amateka bavuga ko abanyagihugu 13 muri bo, bishwe mu ndyane zishingiye ku matongo mu mwaka uheze.

Igipolisi kivuga ko vyabaye ngombwa gukoresha inguvu nyinshi, bitewe nuko bamwe mu bagumutse bashaka kwinjira mu ngoro y'inama nshingamateka.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Benshi mu bagumutse bari bafise imyambaro ndangamuco ku mutwe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Igipolisi kivuga ko amakimbirane yatanguye abo bantu bagiye guca mu kayira kinjira mu ngoro y'inama nshingamateka

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bari mu myiyerekano bari bafise imiheto hamwe n'imyampi

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Igipolisi kivuga ko ata mupolisi numwe yakomerekejwe n'umwampi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abapolisi bafise inkinzo bagerageza gusubiza inyuma abagumutse

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abagumutse bari bafise amasandugu angana n'igitigiri c'ababo bishwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cararashe ivyuka vya gaz ku bagumutse

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abagumutse nabo bakagerageza gusubiza inyuma n'imigere amacupa ya gaz

xxx