Nigeria yamenyesheje ko habonetse umurwayi mushasha wa
COVID-19 mu ntara iri mu bumanuko yitwa Cross River, nk’uko abategetsi babivuga,
bikaba bihagaritse igihe iyo ntara yari imaze ata wanduye amenyekanye kuva mu
2022.
Uwo murwayi ni umushinwa akorera ishirahamwe ryo muri ico
gihugu, nk’uko ibinyamakuru vyo muri ako karere bibivuga, vyifashishije
ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu muri iyo ntara, Dr Henry
Ayuk.
Yavuze ko uwo muntu yageze muri Nigeria avuye mu Bushinwa
kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante(3), hanyuma aza kurwara, aca ajanwa kuvurirwa
ku bitaro vya Leta, mu nyuma yimurirwa ku bitaro vya kaminuza ya Calabar, aho
ibipimo vyemeje ko yanduye COVID-19.
Abategetsi b’iyo ntara bavuze ko ubuzima bw’uwo murwayi
bumeze neza kandi buriko buratera imbere, bongera bashimangira ko amategeko
yose y’ubuvuzi yakurikijwe imbere yo kwemeza iyo ndwara.
Ikigo kijejwe gukinga no kurwanya indwara muri Nijeriya(NCDC)
na co nyene caremeje iyo nkuru.
Cavuze ko uwo murwayi yashizwe ukwiwe kandi
ariko aravurwa hakurikijwe amategeko y’igihugu.
Congeye kuvuga ko ata
kimenyetso kiraboneka c’ikwiragira ry’iyo ndwara ku bantu benshi, kandi ko
igikorwa co gukurikirana abo yahuye na bo, kugenzura indwara no gukingira
abandura catanguye ku bufatanye n’abajejwe amagara y’abantu mu ntara.
Abategetsi bavuga ko igihe uwo murwayi yatanguriye
kugaragaza ibimenyetso vyerekana ko ashobora kuba yaranduriye iyo ndwara muri
Nijeriya, kuko vyabaye inyuma y’iminsi irenga 14 isanzwe ikenewe kugira
ibimenyetso bigaragare inyuma y’urugendo.
Imigwi y'abajejwe gutabara yihuta yaramaze kurungikwa, kandi
abo bahuye bariko barakurikiranwa neza.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu OMS rivuga
ko Covid-19 ibandanya gukwiragira kw'isi yose, ariko muri rusangi ku rugero rwo
hasi.
Ibiharuro vya vuba vya OMS vyerekana ko umugera wa SARS-CoV-2 ukiri mucye kw'isi yose, n’aho hariho ukwiyongera rimwe na rimwe mu turere tumwe
tumwe, harimwo n’ibice vya Afrika, naho
indwara zikomeye n'impfu biri hasi cane y'ibipimo vyo mu gihe c'ikiza.
Abajejwe amagara y'abantu muri Nigeria bahamagarira
abanyagihugu kuguma batekanye, baguma bafise isuku no kuja kwivuza mu gihe
batamerewe neza, bashimangira ko n'ubwo COVID-19 imaze kuba ikibazo c'amagara
y'abantu, gupima hakiri kare no kwirinda biracari ingenzi mu gukinga iyo
ndwara.
Abajejwe amagara y'abantu muri Nigeria bahamagarira
abanyagihugu kuguma batekanye, bagume bafise isuku no kuja kwivuza mu gihe
batamerewe neza, bashimangira ko n'aho COVID-19 imaze kuba ikibazo c'amagara
y'abantu, kuyimenya kare no kuyikingira ari vyo bihambaye mu gukinga
ukwiyongera kwayo.