Imvo n'Imvano ku ntambara yo muri Sudani

Imvo n'Imvano ku ntambara yo muri Sudani

Mu kiganiro c'uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 ukwezi kwa kane mu 2026 turabira hamwe intambara ibera mu gihugu ca Sudani, muri iyi ndwi yinjiye mu mwaka ugira kane.

Iyi ntambara kandi yadutse mu 2023, itariki 15 mu kwezi kwa kane, igize iya kane uhereye mu 1955. Ihuza ingabo za reta zirongowe na Abdel Fattah al-Burhan ari na we yemewe n'amakungu nka prezida wa Sudan, n'umuhari witwara gisirikare wa Rapid Support Forces, RSF urongowe na Mohamed Hamdan Dogolo, azwi kw'izina rya Hemedti.

Abo bagabo babiri bari bafashanije mu gukura ku butegetsi prezida Omar al-Bashir mu 2019. Muri iyo ntambara ibandanya kubica bigacika, bose bafise ababashigikiye. Abdel Fattah al-Burhan afashwe mu mugongo n'ibihugu vya Misri, Iran, Arabia Saudite na Turukiya, mu gihe Mohamed Hamdan Dogolo, azwi kw'izina rya Hemedti ashigikiwe n'igisirikare c'igihugu ca Libya, Uburusiya, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Thad.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi baramaze kuburira ubuzima muri iyo ntambara, mu gihe abarenga igice c'imiriyoni 45 z'abanye Sudani bari mu bukene bw'ibintu vya nkenerwa harimwo imfungurwa n'amazi.

Impande zose zagirizanya ubwicanyi. Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gutabara aguma asemerera ko amabi ariko arakorerwa muri ico gihugu ari agahomerabunwa. Abantu baraburanye, barata izabo, baja mu bukene nya kuja bituma abana bata amashure abandi bubaka izabo hataragera.

Iyi ntambara n'imwe mu ziriko ziratema zigatongora kw'isi, abihweza ibintu n'ibindi bo bavuga ko Sudan yibagiwe. Hari n'ivyegeranyo bimwe bitanguye kuvuga ko hariko haraba ihonyabwoko/jenoside.

Mu nama yo kurondera uburyo ico gihugu gikeneye yo gufasha abari mu kaga yabaye muri iyi ndwi mu Budagi, basanze hakenewe amahera umuriyaridi w'amafaranga y'abanyaburaya.

None iyi ntambara iva kuki? Ifise imzi hehe? Ibihugu biyirimwo biyifisemwo izihe nyungu? Kuki amakungu asa n'ayatayitayeho nk'iziriko zirabera ahandi? Hokorwa iki kugira irangire? Ibi ni bimwe mu bibazo tugiye gushimikirako muri iki kiganiro mwateguriwe na Cyriaque Muhawenayo.

Ari kumwe n'abatumire Dr Zenon Ndayisenga, yigisha muri kaminuza i Johannesburg muri Afrika y'Epfo, hamwe kandi na Ambasaderi Saleh Habimana, umuhinga mu bibazo vyo mu bihugu vy'abarabu.