Imvo n'Imvano ku bibazo bikiri mu muziki w'Uburundi

Imvo n'Imvano ku bibazo bikiri mu muziki w'Uburundi

Kaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 ukwezi kwa gatatu mu 2026.

Itariki 14 z'uku kwezi twabashikirije ikiganiro ku kungene umuziki mu Burundi uriko uratera imbere.

Yamara abaririmvyi bitavye ico kiganiro baravuze naho biri uko ko umuziki mu Burundi uriko uratera imbere ariko ko hakiri agahaze.

Ni vyo baravuga ko ubu kubera imbuga hwaniro, amakompanyi abizera bakabagena (bakabizigira/bakabatuma) ngo babamamaze, ari bimwe mu bituma bamenyekana cane kandi bakahakura n'agahimbazamusyi.

Abaririmvyi b'Abarundi kandi bararemesha ibiteramo hirya no hino kw'isi, ibituma barahura ubwenge.

Ariko ngo haracari ikibazo co gukingira indirimbo zabo.

Itegeko rikingira ibikorwa mva bwenge ryatowe mu 2005 ariko gushika ubu abaririmvyi bavuga ko ata co bariziko.

Mbere berekana amakenga ko borihomberamwo. Abaririmvyi kandi baravuga ko ishirahamwe ry'abaririmvyi Amicale des Musiciens du Burundi (AMB) ridatera imbere ngo ritorere inyishu ibibazo abaririmvyi bafise.

Muri iki kiganiro turarabira hamwe ivyerekeye itegeko rikingira ibikorwa mva bwenge ico rivuga. Ico abaririmvyi bandikishije indirimbo zabo mu rwego rubiraba rwa OBDA bokwunguka, uruhara rw'ishirahamwe AMB mu guteza imbere umuririmvyi ariko kandi n'ico umuririmvyi yokora kugira iryo shirahamwe ntiribeho kw'izina gusa.

Iki kiganiro mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Muri iki kiganiro tugiye kuba hamwe na Bright Ndayishimiye arongoye ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi, Amicale des Musiciens du Burundi.

Turi kumwe kandi na Léonce Ngabo, inararibonye mu muziki w'i Burundi akaba ari na we yatanguye kurongora ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi.

Uwundi turi kumwe ni Christian Nsavye, umumenyeshamakuru akurikiranira hagufi ivyerekeye abaririmvyi akaba kandi akurikiranira hagufi ikibazo co gukingira ibikorwa mva bwenge.

Twari twatumiye kandi abarongoye ikigo kijejwe gukingira ibikorwa mva bwenge OBDA (Office Burundais du Droit d'Auteur) ariko ntibitavye iki kiganiro.