DR Congo-Kishishe: ‘Monusco ni baze berekane aho abo bantu bahambwe’-M23

DR Congo-Kishishe: ‘Monusco ni baze berekane aho abo bantu bahambwe’-M23

Umuhari w’inyeshamba M23  urahakana ibiri mw’igendereza rya MONUSCO riwagiriza kwica abasivire barenga  130 mu karere ka Rutshuru mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Mw’itangazo, M23 ivuga ko iri gendereza rihengamye kubera ko ritakorewe ahabereye ubwicanyi.

Ku wa kane , ubutumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro muri Congo buzwi nka Monusco bwasohoye icegeranyo c’intangamarara c’igendereza rivugwa ko ryakorewe hafi y’uduce twa Kishishe na Bambo muri Rutshuru, rikerekana ko abasivire bagera kw’131 bishwe muri utwo turere ikoresheje  amasasu n’ibirwanisho kama. Reta ya Congo yo yavuze ko hishwe abantu barenga 270.

Monusco ivuga ko ivyo bigwati bibiri vyahohotewe n’abarwanyi ba  M23 mu gitero co kwihora mu gitero c’iyindi mirwi y’inyeshamba.

Munyarugerero Canisius ni umuvugizi wa M23, yavuganye na Prudent Nsengiyumva, umviriza uko asigura igituma igendereza rya Monusco ataryemera.