Imvo n'Imvano ku Banyamulenge biciyemwo ibice ku kibazo c'intambara muri RD Congo

Insiguro y'amajwi, Imvo n’Imvano ku Banyamulenge biciyemwo ibice ku kibazo c'intambara muri RD Congo
Imvo n'Imvano ku Banyamulenge biciyemwo ibice ku kibazo c'intambara muri RD Congo

Ikiganiro Imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 ukwezi kwa gatatu mu 2026 kibashikana muri Republika ya Demokrasi ya Congo ahariko harabera intambara hagati ya reta y'ico gihugu n'urunani AFC/ M23, ikibanda ku ntambara zibera mu ntara ya Kivu y'Epfo, mu turere twa Fizi, Mwenga, Uvira na Walungu. Aho hari abagwanyi b'umuhari wa MRDP-Twirwaneho, ugizwe n'abanyamurenge bafashanya na M23 mu kugwanya reta.

Muri utwo turere kandi, hari abasirikare b'Abarundi bahari ku masezerano y'ibihugu vy'Uburundi na Congo yo gufashanya mu vy' umutekano.

Abanyamulenge baba muri utwo turere duhejeje kuvuga rero bose ntibabona kumwe iyo ntambara. Bamwe bashigikiye intambara ya M23 mu gihe abandi bari ku ruhande rwa reta ya Congo. Hari n'amazina bitana: bamwe ngo ni Akagara abandi Ibifobagane.

Bamwe bavuga ko intambara ya M23 ikorwa n'Urwanda ku nyungu z'ico gihugu, uwo muhari ukaba igikoresho, mu gihe abandi babagiriza gukorana na reta ya Congo, ingabo z'Uburundi na FDLR kugira ngo bice abatutsi bo muri Congo.

Impari no guterana amajambo vyariyongereye cane muri iyi misi, inyuma y'aho umugwi w'abanyamurenge baba mu mahanga bahurikiye mw'ishirahamwe Banyamulenge Global Advocacy ugiriye i Bujumbura mu Burundi gushimira prezida w'ico gihugu Evariste Ndayishimiye kuba yararungitse ingabo muri Congo kubakingira. Abari ku ruhande rwa M23 bavuze ko ico gikorwa ari ico ubuhemu n'agashinyaguro, ngo kuko abasirikare b'abarundi bafise uruhara mu gukorera amahano Abanyamulenge.

None ukuri kuri hehe? Kuki aba bavandimwe b'Abanyamulenge batabona kumwe intambara ibera muri Congo? Ico kibazo catanguye ryari? Ni vyo koko hari abanyamulenege bakorana na FDLR mu kwica benewabo? Ku rundi ruhande n'ibihe bimenyetso vyerekana ko hari abanyamulenge bakoreshwa n'igihugu c'Urwanda?

Ivyo ni bimwe mu bibazo Imvo n'Imvano mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo igiye guca hirya no hino.

Muri iki kiganiro Cyriaque Muhawenayo ari kumwe n'abatumire batatu. Uwa mbere ni Charles Nteze wo mw'ishirahamwe Banyamulenge Global Advocacy yari arongoye umugwi w'abanyamulenge baba mu bindi bihugu, mu rugendo baherutsemwo mu Burundi gushimira Prezida Evariste Ndayishimiye ku vyo bavuga ko ari ibikorwa vyiza ingabo ziwe ziriko zirarangurira mu gihugu ca Congo ku neza y'Abanyekongo na cane cane Abanyamulenge.

Hariho kandi Jacques Muhumuza Mugwema wo mw'ishirahamwe Reseau des Ambassadeurs pour la Paix (REAP) rivuga ko rikora ubuvugizi ku nzirakarengane zo mu buseruko bwa Congo. Ari ku ruhande rw'abashigikiye M23.

Uwundi yari yatumiwe ariko atitavye iki kiganiro ni Oxygen Tuza, umushakashatsi akaba n'umuhinga ku bibazo vyo mu karere k'ibiyaga binini.