Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Miss Burundi 2023: Lellie Carelle Ndayizeye yabwiye BBC ingene yakiriye intsinzi
Ku nshuro ya mbere nyuma y’aho atsindiye ihiganwa rya Miss Burundi 2023 ryarangiye mu mpera z'indwi iheze i Bujumbura, Lellie Carelle Ndayizeye w’imyaka 22 yabwiye BBC ingene yakiriye iyo ntsinzi.
Abigeme bashitse mu muce wanyuma w’ihiganwa canke finale bari cumi n'umwe bava mu ntara zitandukanye.
Udushimwe twahawe abigeme batatu ba mbere, muri two hakaba harimwo n'imodoka ku watahukanye urugori rwa Miss Burundi.
Uwabaye uwa kane ni umwigeme yakunzwe kurusha abandi.
Jacques Niyitegeka yavuganye na Miss Burundi 2023 Lellie Carelle Ndayizeye, abanza kumubwira ico asanzwe akora (umva ico kiganiro aho hejuru).