Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi, mu masanamu

Amasanamu y'amatora ya kamaparampaka kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi yabaye kuri uno wa kane itariki 17/05/2018

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza (imbere) n'umutambukanyi wiwe, Denise Nurunziza (inyuma), batoreye mu ntara ya Ngozi.
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, avuga ko gutora "ego" bizoha abarongozi ububasha bwo gukorera igihugu nk'uko bikwiye. Ariko abatavuga rumwe nawe bavuga ko ari akaryo ko kunana ku butegetsi.
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'urunani Amizero y'Abarundi rutavuga rumwe na leta y'u Burundi, Agathon Rwasa, yigishije cane gutora "oya". Avuga ko iri bwirizwa shingiro rishasha rije gufuta amasezerano ya Arusha, yazanye amahoro mu Burundi.
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'urunani Amizero y'Abarundi rutavuga rumwe na leta y'u Burundi, Agathon Rwasa, yatoreye mu ntara ya Ngozi asanzwe avukamwo.
Insiguro y'isanamu, Icegera cambere c'umukuru w'u Burundi, Gaston Sindimwo, yatoreye muri komine ya Nyakabiga.
Insiguro y'isanamu, Icegera cambere c'umukuru w'u Burundi, Gaston Sindimwo, avuga ko yatoye "ego".
Insiguro y'isanamu, Abarundi bashika hafi imiriyoni 5 nibo vyari vyitezwe ko bitaba amatora y'uno munsi.
Insiguro y'isanamu, Urwaruka rwagaragaye cane muri ano matora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi.
Insiguro y'isanamu, Aho BBC yashoboye gushika hose hari imirongo mini cane y'abaje gutora.
Insiguro y'isanamu, Aho BBC yashoboye gushika hose hari imirongo mini cane y'abaje gutora.
Insiguro y'isanamu, Umugwi ujejwe gutegura amatora, CENI, uvuga ko igikorwa cagenze neza cane.
Insiguro y'isanamu, Amabarabara y'igisagara ca Bujumbura yarangwamwo agacerere kadasanzwe mu masaha yo mu gitondo, abantu bagiye gutora.
Insiguro y'isanamu, Kuri Lycee Municipale Nyakabiga, abatora bagaragaramwo urwaruko rwinshi.
Insiguro y'isanamu, Kuri Lycee Municipale Nyakabiga, abatora bagaragaramwo urwaruko rwinshi.
Insiguro y'isanamu, Uhejeje gutora waca udimba urutoke mw'irangi ntahanagurwa kugira ntuhave utora kabiri.
Insiguro y'isanamu, I Ngozi ni hamwe mu ho abantu bazindutse cane gutora, bamwe bakaba bashitse isaa cenda z'igitondo.
Insiguro y'isanamu, Guharura amajwi vyatanguye ubwo nyene ibiro vy'amatora bikimara kwugara.