Mu masanamu, uko imyuzure yasize abo mu Carama mu burengero bwa Bujumbura

Amasanamu yerekana ingene imvura y'isegenya n'imyuvuzure vyasiza ababa mu Carama mu burengero bw'umurwa mukuru w'u Burundi, Bujumbura

Insiguro y'isanamu, Amazi yiciriye inzira, ku buryo vyari bigoye kumenya ahahoze ibarabara
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu n'abajejwe umutekano bakora uko bashoboye n'uburyo bafise ngo barabe ko boyobora amazi
Insiguro y'isanamu, Harononekaye ibitari bike, birimwo n'amazu yabomotse
Insiguro y'isanamu, Amabarabara menshi yari agoye kuyacamwo mu Carama
Insiguro y'isanamu, Uno munsi abantu biriwe bagerageza gukiza utuntu twabo mu vyononywe n'imyuzure
Insiguro y'isanamu, Mu mpera z'indwi iheze benshi mu baba mu Carama ntibaraye mu mazu yabo kubera imyuzure