Ubuzima bwa Fidel Castro mu mafoto

Amwe mu mafoto yerekana ubuzima bwa Fidel Castro, umugabo yatwaye Cuba mu kiringo kigera hafi ku myaka 50.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Fidel Castro yavutse mu 1926 ku mutunzi w'umurimyi w'ibikaju. Yagiye muri politike akiri muto.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'imyaka 2, apfunzwe yagirizwa gutegura gutembagaza ubutegetsi, yarahunze aja muri Mexique. Yagarutse mu 1956 umuhari wiwe utangura gushinga imizi. Castro yahavuye afata ubutegetsi muri Cuba kw'itariki ya mbere y'ukwa mbere mu 1959, akuye Fulgencio Batista.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Mu 1961, Castro yayoboye ingabo ziwe zahanganye n'impunzi 1,500 z'abanya Cuba. Izo mpunzi zari zishigikiwe n'igisata c'ubusumyi bw'urusaku bw'Abanyamerika CIA, zasesekaye muri Bay of Pigs zije gusenyura ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Amageragezwa kumbure akomeye kurusha ayandi yaje kuri Castro mu 1962, aho perezida Kennedy wa USA yamugabisha gukura ibisasu vya missiles vy'Abarusiya muri Cuba.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Amaherezo, umukuru w'icari Leta zunze Ubumwe z'aba Sovietes Nikita Khrushchev na Castro bakuyeho ivyo bisasu, impungenge z'intambara y'ibisasu vya nucleair ziba ziragabanutse.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Fidel Castro yarakunda cane urukino rwa baseball. Hano yariko akina kw'ishure ry'inderabigisha muri Sierra Maestra mu 1962.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abenshi mu banya Cuba babona Fidel Castro nk'umuntu atwaza igitugu.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Abenshi barahunze Cuba baja muri Amerika, kenshi bakoresha ubwato buto buteye impungenge

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Ariko Fidel Castro yagumye ashigikiwe n'igitigiri gikwiye c'abanyagihugu, bituma aba mu bategetsi bake bo kw'isi batwaye igihe kire kire

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amaze kubagwa mu nda mu 2006, yashikirije ububasha bwo kurangura amabanga asanzwe mu gihugu murumunawe Raul . Kuva ico gihe yabonetse gake cane, kugeza atanze imihoho mu 2008.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kw'icenda 2010, Fidel Castro yashikirije ijambo abari mw'ikoraniro, ubwa mbere mu myaka ine yari iheze adakunze kuja ahabona. Iryo ryari rimwe mu majambo yagiye ashikiriza kuva yongeye kuboneka mu kwezi kw'indwi mu 2010, inyuma yo kuvugwa indwara yari yamufashe mu nsogi. Yagaragaye ubwa nyuma mu birori vy'isabukuru yiwe yo guhimbaza imyaka 90 y'amavuka mu kwezi kw'umunani.